Uko wahagera

Charles Blé Goudé Vuba Arataha mu Gihugu Ciwe ca Kotedivuwari


Kimwe mu binyamakuru vyanditse vyishimira ko Charles Blé Goudé yidegemvya igihe arekurwa
Kimwe mu binyamakuru vyanditse vyishimira ko Charles Blé Goudé yidegemvya igihe arekurwa

Charles Blé Goudé, yahoze ari umwe mu bizigirwa b’imbere ba
Laurent Gbagbo, yigeze gutwara Kotedivuwari azotahuka mu gihugu ciwe igenekerezo rya 26 ukwezi kuza kwa cumi na rimwe.

Blé Goudé, yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, yabwiye ko atashe mu ntumbero yo gutanga agacumu k’ubumwe mu vy’ukwiyunga no kunywana kw’abanyagihugu ba Kotedivuwari.

Atashe inyuma yaho mu mwaka uheze, sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I Lahe mu Buholande, CPI, imugize umwere ku vyaha vyose yagirizwa birimwo ivy’ubwicanyi ndengerabutungane, igihugu ciwe naco kikamuha igipapuro c’inzira (pasiporo).

Charles Blé Goudé yatangaje ivy’iyo tariki yo gutahuka inyuma y’umubonano yagiranye na bamwe mu bari mu mugambwe wiwe (COJEP), n’umukuru w’ibiro vya Prezida Alassane Ouattara.

Umugambwe Charles Blé Goudé wishimiye ino nkuru, ushimira prezida wa Kotedivuwari ku ruhara yagize mw’itahuka rya Blé Goudé.

CPI yagize umwere Charles Blé Goudé na Laurent Gbagbo yahoze ari prezida wa Kotedivuwari mu kwa gatatu ko mu 2021. Laurent Gbagbo yatashe mu mwaka uheze, Charles Blé Goudé nawe akavuga ko yari yatebejwe na pasiporo atari bwaronke, kimwe n’uruhusha rwa prezida wa Kotedivuwari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG