Uko wahagera

Uburusiya Bugabisha Turukiya ku Bitero Iriko Igaba muri Siriya


Uburusiya uno musi ku wa kabiri bwagabishije Turukiya kudahungabanya umutekano w'igihugu ca Siriya. Uburusiya bwasavye uno musi ku wa kabiri, Turukiya kwifata.

Bwagabishije ico gihugu kudahungabanya Siriya aho Tukukiya iriko ikora ibitero vy’indege z’ingwano kandi iriko igabisha gukora ibitero hakoreshejwe abasirikare barwanira ku butaka ku barwanyi b’abakurde.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov yabwiye abamenyeshamakuru ko bumva kandi bubaha impungenge za Turkiya ku bijanye n’umutekano wayo.

Avuga ko bemera ko ari uburengenzira buciye mu mategeko bw’ico gihugu. Yamara amenyesha ko basavye impande zose kwirinda gufata ingingo zishobora gutuma umutekano uhugabana bikomeye.

Turukiya yatanguye ibitero vy’indege z’ingwano bitari bike ku musi w’Imana mu bibanza abagwanyi b’abakurde bakoreramwo mu buraruko bwa Siriya na Iraki. Abantu batari musi ya 37 barishwe muri ivyo bitero nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe riharanira gateka ka muntu muri Siriya rikorera mu Bwongereza, “Syrian Observatory for Human Rights”.

Ku musi wa mbere ibitero biturutse muri Siriya vyishe abantu batari musi ya babiri barimwo umwana mu gisagara ca Karkamis kiri ku rubibe Turkiya ihana na Siriya.
Ivyatangajwe n’Uburusiya bibaye mu gihe abaserukira Uburusiya, Turkiya na Irani ibihugu vyagize uruhara rukomeye mu ngwano muri Siriya, bahuriye ku murwa mukuru wa Kazakistani, Astana, mu biganiro hagati yabo ku vyerekeye Siriya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG