Uko wahagera

Urugendo rwa Kamala Harris mu Burengero bwa Filipine Ruvuze Iki?


Icegera ca prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris mw'izinga riri mu burengero bwa Filipine
Icegera ca prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris mw'izinga riri mu burengero bwa Filipine

Icegera ca prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Kamala Harris yagiye n'indege uno musi ku wa kabiri mw'izinga riri mu burengero bwa Filipine hafi y'igice c'ibahari kiri mu bumanuko bw'Ubushinwa. Hari mu ntumbero y'ukwerekana ukugene Amerika ishigikiye bikomeye ico gihugu gicuditse nayo.

Urugendo rwa Kamala Harris muri iyo ntara rwari rugenewe kandi kwerekana ko Amerika ishigikiye uruja n’uruza ata ntambamyi mu mazi yo muri ico gice c’ibahari kirimwo amatati aho Amerika yagirije incuro zitari nke Ubushinwa ku nyifato yabwo y’agasomborotso. Amatati y’imbibe zo mu mazi amaze igihe kirekire ari hagati y’Ubushinwa, Filipine, Vietnam, Maleziya, Tayiwani na Brunei amaze igihe abonwa ko ashobora kuvamwo intambara kandi yarongereje uguhiganwa hagati ya Amerika n’Ubushinwa muri ako karere.

Mu biganiro yagiranye na prezida wa Filipine, Ferdinand Marcos Jr. ku murwa mukuru, Manille, ku musi wa mbere, Kamala Harris yarasubiye kwerekana ukwiyemeza kw’Amerika ku vyerekeye gutabara ico gihugu hisunzwe amasezerano y’ukwivunira umwansi hamwe yateweko igikumu mu mwaka w’i 1951hagati y’ivyo bihugu 2. Ayo masezerano atuma ivyo bihugu vyompi bitabarana mu gihe uruhande rumwe rutewe. Prezida Ferdinand Marcos Jr. yashimiye icegera ca prezida w’Amerika, Kamala Harris, wavuze ko mu gihe hari ibibazo vyerekeye umutekano mu karere no hanze yako ugukorana hagati y’ibihugu vyompi bifise akamaro gakomeye cane

Ubushinwa bwagabishije abategetsis b’Amerika kutivanga mu vyo buvuga ko ari amatati yerekeye umugabane w’Aziya ubwawo. Bwamenyesheje ko kuba Amerika yarungitse ubwato bw’ingwano n’indege zigwanira mu kirere n’imyimenyerezo ya gisirikare mu mazi gice c’ibahari kiri mu bumanuko bwaco vyerekana ko Amerika ishaka kuhagira akarere kaberamwo ibikorwa vya gisirikare. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG