Umugabo w’imyaka 22 yararashe yica abantu batanu akomeretsa abandi 25 bari mu nzu y’ubutambiro ikunze guhurumbirwa n’abakundana bahuje igitsina, mu gisagara ca Colorado Springs, muri reta ya Colorado, mu burengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.
Umukuru w’igiporisi muri ico gisagara, Adrian Vasquez, yavuze ko ubwo bubisha bwabaye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana, kandi ko hatowe inkoho zibiri muri ico kibanza.
Abakora amatohoza bavuze ko bakiriko bararondera imvo yatumye ico gitero kiba, ariko umushikirizamanza mukuru wa komine El Paso ico gisagara kirimwo, Michael Allen, yavuze ko abategetsi bakiraba nimba ico caha cokurikiranwa nk’ico urwanko.
Igiporisi cavuze ko uwo yarashe yitwa Anderson Lee Aldrich, kandi ari mu minwe y’igiporisi kandi ariko aravurwa ibikomere.
Prezida Joe Biden yavuze ko abakundana bahuje igitsina bamaze imyaka bankwa urwanko rurenze urugero.
Facebook Forum