Mu Burundi, umukuru w'inama nshingamateka yagiriza umuhuza w'Abarundi ariko asozera amabanga Edouard Nduwimana kuba yaranse kuja mu nama nshingamateka gutanga icegeranyo ca nyuma co gusozera imirimo.
Daniel Gélase Ndabirabe abifata nk'agasuzuguro. Edouard Nduwimana we asigura ko ibwirizwa nshingiro ritamutegeka na gato gutonda imbere y'abashingamateka ahubwo rimusaba kurungikira raporo ibiro vy'urwo rwego.
Daniel Gelase Ndabirabe aramutswa inama nshingamateka y’Uburundi yashimye kubwira ivyo vyagiriji n’imyidogo abaserukira abanyagihugu ari nabo bemeza ubwa mbere uwuja mu mabanga y’umuhuza w’Abarundi.
Yavuze ko Edaurd Nduwimana yaciye kubiri n’urutonde ruhasanzwe yanka kuja kweraka abashingamateka icegeranyo ca nyuma. Ndabirabe yabishikirije asa n’uwitanga abashingamateka ababwira kutamubaza icabiteye.
Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Edouard Nduwimana yanditse ko atigeze amenyeshwa na rimwe ko hari hategekanijwe ku rutonde rw’ibikorwa vy’inama nshingamateka ugutanga canke ukwerekana raporo. Yongerako ko ata ngingo canke itegeko na rimwe bimusaba kwerekana icegeranyo co guheza manda. Yagereranije ivyavuzwe n’amakuru y’ubwangushi.
Aba bagabo babiri Daniel Gelase Ndabirabe na Edouard Nduwimana baturuka mu ntara imwe ya Kayanza bakongera bakaba abanywanyi ba CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi.
Ikindi bahuriyeko ni ukutihanganira abatavuga rumwe n’ubutegetsi naho uwa mbere ari Umuhutu yahoze ari intwazangabo muri CNDD–FDD ukiri umuhari w’inyeshamba, uwa kabiri akaba Umututsi w’umu sivire yize amategeko.
Umviriza ibindi aho hasi mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza
Facebook Forum