Uko wahagera

Obiang Amaze Imyaka 43 ku Butegetsi Ashobora "Gutwara Manda ya Gatandatu"


Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, amaze imyaka 43 ku butegetsi
Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, amaze imyaka 43 ku butegetsi

Abanyagihugu bo muri Guinée équatoriale, ejo ku wa Mungu bazozindukira mu matora rusangi arimwo aya prezida wa republika.

Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, amaze imyaka 43 ku butegetsi ahabwa amahirwe menshi yo gutsindira manda ya gatandatu, ahanganye n'abakandida babiri: Andrès Esono Ondo, atwara umugambwe witwa, Convergence pour la Démocratie Sociale (CPDS). Uwo mugambwe ni umwe rudende mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, wemerewe gukorera ku mugaragaro.

Umukandida wa kabiri ahanganye na Prezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, ni Buenaventura Monsuy Asumu wo murunani rwitwa, PCSD, rufatwa nk'ururi mu kwaha kwa Prezida Obiang.

Prezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo afise imyaka 80. Ni we mu prezida wa mbere kw'isi yose amaze imyaka myinshi ku butegetsi butari ubwa cami. Yacakiye ubutegetsi mu 1979 biciye muri kudeta yakoreye inarume wiwe Francisco Macias Nguema. Inyuma y'amezi abiri avanye ku butegetsi uwo inarume yatwaza igikenye, akagirizwa no gusesa amaraso ya benshi, yahavuye amwivugana aramurasa


Ejo ku wa Mungu, amatora ya prezida muri Guinée équatoriale azoba abangikanye n'ay'abakenguzamateka, abashingamateka n'izindi ndongozi zo ku rwego rwo hasi. Abasesangura bemeje ko ata nkeka umugambwe wa Prezida Obiang uzotahukana intebe nyinshi muri ayo matora yose. Umugambwe PDGE wari usanganywe intebe 99 kw'i 100 zigize inama nshingamateka ya Guinée équatoriale.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG