Uko wahagera

Ikiza ca Kolera Kirasinzikaje Malawi


Malawi iriko irarwana n’ikiza ca kolera kitari bwigere kibaho muri ico gihugu. kolera yarakwirakwiye mu gihugu cose kandi imaze guhitana abantu barenga 250 n’abarenga 8,000 bamaze kwandura.

Abategetsi hamwe n’amashirahamwe y’abafasha baramaze gutangura amasekeza yo gutanga incanco no guhimiriza abanyagihugu kubumbatira isuku.

Abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu bafise ubwoba ko ubwinshi bw’abandura bushobora kuzotuma amavuriro arengerwa.

Malawi yatanguye gucandaga kolera mu kwezi kwa gatanu ifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS. Ariko abakora mu gisata c’ubuvuzi bavuga ko abicandagisha ari bake kuko benshi batinya incanco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG