Uko wahagera

Sadio Mane Ntazokinira Senegal mu Gikombe c'isi 2022


Umunyasenegal, Sadio Mane atahukanye igikombe mu rukino rwa Final rwa CAN 2021, mu rukino rwahuje Senegal na Misiri i Yaounde, muri Kameruni, itariki 6/02/2022

Abategetsi mu gisata c’umupira w’amaguru muri Senegal kuri uyu wa kane bavuze ko umukinyi rurangiranwa Sadio Mane atazokina inkino zo guharanira igikombe c’isi zo mu 2022 zatunganijwe na FIFA. Iyi ngingo ifashwe inyuma yuko akomerekeye kw’igufa ry’umurundi, igihe yariko arakinira ikipe ya Bayern Munich yo mu Budagi muri uku kwezi.

Umumenyereza mukuru w’ikipe ya Senegal, Aliou Cisse, yari yarashize Sadio Mane mu rutonde rw’abakinyi azokinisha. Yari afise icizere ko yoba yarakize ku rukino rwa mbere ruzohuza Senegal n’Ubuholande, kw’itariki ya 21 y’uku kwezi kw’icumi na kumwe.

Manuel Alfonso, umuganga w’ikipe y’igihugu ca Senegal, yavuze ko isuzumwa ry’abaganga ryerekana ko ariko aratora mitende, ariko ko atari ku rugero rwo kwemererwa kuba yokina mu nkino zo guharanira igikombe c’isi.

Abasesenguzi mu bijanye n’urukino rw’umupira w’amaguru, bavuga ko uwo mukinyi w’imyaka 30, asanzwe akinira Bayern Munich, kandi yabaye uwa kabiri mu gutahukana umupira w’inzahabu Ballon d’Or, mu kwezi guheze, yabaye kirumara kuri ekipe ya Senegal. Bavuga ko Afrika izobura umukinyi abushitse muri izo nkino.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG