Ba Bulamatari b’intara za Rumonge, Makamba, Rutana, Ruyigi, Cankuzo na Muyinga ku ruhande rw’Uburundi, na bulamatari wa Kigoma ku ruhande rwa Tanzaniya bahuriye mu nama mu gisagara ca Kigoma muri Tanzaniya.
Iyo nama igira 17 yari iramutse iraba uko umubano hagati y’izo ntara zihana imbibe wifashe.
Ni inama yashimikiye cane cane ku bibazo abafata ingendo bajabuka bagira, urudandazwa n’ikoreshwa ry’abana, imbibe z’ivyo bihugu zihinduka bivuye ku nzuzi. Ba bulamatari bagize izo ntara biyemeje gutsimbataza umubano mwiza ushingiye ku korohereza abava muri izo ntara baja kuramukanya canke gukorera mu zo bahana imbibe mu kindi gihugu.
Bulamatari w’intara ya Makamba, Ngozirazana Françoise, mw’ijambo yashikirije, yadomye urutoke ku makosa akorwa n’abajejwe uruja n’uruza ku mipaka y’uburundi na Tanzaniya. Ayo nayo ni ibiturire bisabwa kugira batange kuri gusa murekarengane ya Ujiranimwema canke bagusinyire ko winjiye mu Burundi canke Tanzaniya.
Buramatari wa Kigoma, Thobias Andengenye yavuze ko abasabwa ibiturire ku mupaka babimenyesha ariko no ku ruhande rw’Uburundi asaba ko haba ukwikebuka
Bulamatari wa Makamba yasavye kandi ko murekarengane iha uburenganzira bwo kumara imisi 15 mu gihugu ugiyemwo yokongererezwa ikiringo kigashika ku mezi 3 canke arenga. Abaja gupagasa nabo agateka kabo kubahirizwe.
Thobias Adengenye akaba yasavye ko abo baja gupagasa muri Tanzaniya bohabwa icemezo cateweko umukono n’uwuserukira Leta cemeza ko agiye kuhakorera amezi atatu canke arenga. Gutyo, Leta ya Tanzaniya yokwakira abo bakozi, ikabaha icemeza ko bafise uburenganzira bwo gukora akazi muri Tanzaniya kandi ikubahiriza agateka kabo.
Ku bijanye n’abana binjizwa muri Tanzaniya, bulamatari wa Kigoma, Thobias Adengenye ati ntituramenya neza ko abo bana bakoreshwa muri Tanzaniya canke ko bahaca barengana bakaja gukoreshwa mu bindi bihugu. Ariko bafadikanije n’abarundi bagiye kwicarira ico kibazo
Ku kibazo c’uruzi malagalazi rugabura Uburundi na Tanzaniya rwarahuvye rukanyaga amatongo abarundi, bulamatari wa Makamba asaba ko hoshingwa akarimbi gatandukanye n’urwo ruzi.
Inama y’abo ba bulamatari yapfunditse ko imigwi ijejwe imbibe z’ibihugu yoshinga uburimbi butimuka ntibagume bizeye inzuzi canke ibindi bishobora kuzimangana. Iyo nama ya ujirani mwema igira 17 yarangiye hasabwe ko intara za Kagera, Katavi na Rukwa zo mu gihugu ca Tanzaniya nazo zokongerwamwo kandi iyo nama ikaba kabiri mu mwaka.
Mukurikirane Inkuru mu majwi dusomerwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Thierryve Ndayishimiye
Facebook Forum