Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Uburundi Bwaronse Umuhuza w'Umugore


Aime Laurentine Kanyana, umuhuza mushasha w'Abarundi
Aime Laurentine Kanyana, umuhuza mushasha w'Abarundi

Kuva kuri uyu wa kane, igihugu c'Uburundi kiramutswa umuhuza w'Abarundi mushasha. Ni Aimée Laurentine Kanyana yahoze ari umushikiranganji ajejwe ubutungane.

Uwo mukenyezi wa mbere ajejwe ayo mabanga mu Burundi abaye umuhuza wa gatatu ico gihugu kimaze kugira. Yemejwe n'inama nshingamateka ku bice birenga 90%.

Aimee Laurentine Kanyana asa n’uwakubise impaga abandi bantu batatu bari bahawe amahirwe yo guhiganirwa ikibanza c’umuhuza w’Abarundi: yaronse amajwi 109 ku bashingamateka 120 mu gihe uwa mbere muri bo yinanase yegeranije atanu yonyene.

Aimee Laurentine Kanyana abaye umuhuza wa mbere w’igitsina gore. Yajejwe amabanga atari make mu gihugu harimwo ugutwara ubushikiranganji bw’ubutungane n’ukuba umuhanuzi wa Prezida; aya yanyuma n’ubu akaba yari muri yo.

Uwo Mututsikazi wo mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi mu buzima busanzwe azwi nk’umuntu adahandwa ku rurimi, igihushane na Edouard Nduwimana asubiriye.

Urwego rw’umuhuza w’Abarundi ruri mu zitegekanywa n’amasezerano ya Arusha yo muri 2000 yatumye intambara zari zimaze imyaka irenga cumi zihagarara mu Burundi. Umuhuza w’Abarundi atorerwa ikiringo c’imyaka itandatu itisubiriza.

Fyonda hasi kuri iyo nkuru ya Eloge Willy Kaneza, wumve uko abatandukanye bakiriye igenwa rya Aimée Laurentine Kanyana, nk'umuhuza w'Abarundi.

Abarundi BIteze iki ku Muhuza Kanyana?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:13 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG