Uko wahagera

Kenya: Iyindi Gorofa Yari Icubakwa Yasenyutse


Ahasenyutse igorofa yari ikiduzwa
Ahasenyutse igorofa yari ikiduzwa

Inyubakwa y'igorofa yari ikiduzwa yasenyukiye ku yindi nzu iri hafi yayo uno musi ku wa kane ku nkengera y'umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi, ihitana abantu 2 nk'uko bitangazwa n'abategetsi b'ico gihugu.

Abandi bantu 3 baba mu nzu yari hafi y’iyo nyubakwa yasenyutse batabawe bakiri bazima mu gice c’umurwa mukuru, Nairobi citwa Ruaka. Iyo nyubakwa y’igorofa yasenyutse mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kane, igira kabiri isenyutse muri iyi ndwi.

Ni mu gihe abategetsi bajejwe ivy’ukwubaka amazu bagabisha ku vyerekeye inyubakwa zitarekuriwe n’amategeko ziriko zubakwa mu gisagara ca Nairobi no mu micungararo yaco.

Ku musi wa kabri, inyubakwa y’igorofa yarasenyutse muri ico gisagara, abakozi bariko bayubaka bafatirwa muriyo. Abantu 3 baremejwe ko bapfuye muri iyo mpanuka mu gihe irengero rya nyeneyo ritazwi gushika ubu.

Ugusenyuka kw’inyubakwa n’ibintu biba kenshi mu gisagara ca Nairobi hasigaye hagwiriye ibibarenkorwa vyo kwubaka. Abubatsi akenshi bararenga amategeko agenga ivy’ukwubaka amazu.

Inyuma y’uko inyubakwa 8 zisenyutse abantu 15 bakahasiga ubuzima mu mwaka w’i 2015, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyarategetse itohozwa ku nyubakwa zose mu gihugu kugira babone ko zisunga amategeko.

Ikigo c’igihugu kijejwe kwubaka amazu casanze ibice 58 vy’inyubakwa ziri ku murwa mukuru, Nairobi zidakwije ibisabwa kugira abantu bazibemwo.(AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG