Uko wahagera

CPI Igiye Guhasha Ivyaha Bikorerwa Abana Birimwo ivy'Intambara


Umwana wo muri Sudani ari mu batwawe mu bikorwa vya gisirikare atarakwiza imyaka.
Umwana wo muri Sudani ari mu batwawe mu bikorwa vya gisirikare atarakwiza imyaka.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yatunganije umwiherero uhuza amashirahamwe yigenga aturuka mu bihugu bitandukanye cane cane ibiri mu ntambara, kugira barabire hamwe ingene ivyaha bikorerwa abana vyohanwa n’ama sentare mpuzamakungu harimwo na CPI.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI yifuza guhana no guhasha ivyaha bikorerwa abana bihanwa n’iyo sentare iri i La Haye mu Buholande.

Mu nama y’umwiherero n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu bihugu bikunze kubamwo ivyaha bibangamiye abana, umushikirizamanza mukuru wayo yatangaje ko iyo sentare yafashe ingamba zikomeye zo guhasha ivyo vyaha.

Karim Khan yavuze ko ivyaha bikunze kubangamira abana batarashikana imyaka 18 ari ubwicanyi, kunyuruza abana, kubaboreza igufa, gukoresha abana mu ntambara haba mu gisirikare canke mu migwi irwana, gufata abana b’abakobwa ku nguvu n’ibindi.

Muri Afrika, yavuze ko ivyo vyaha vyibonekeje mu bihugu nka Republika ya Demokarasi ya Kongo, muri Mali, muri Sudani, muri Centrafrika, mu Rwanda mu gihe c’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi muri 1994, n’ahandi.

Avuga ko hari n’ahandi ivyo vyaha bikorwa ariko ntibimenyekane. Ahamagarira amashirahamwe yigenga yaba ayakorana na CPI canke ayandi yigenda mu bihugu bitandukanye gukora amatohoza menshi kuri bene ivyo vyaha bibangamira agateka k’abana maze abavyagirizwa bakazoshengezwa imbere y’Ubutungane.

Ishirahamwe ryitaho ineza y’abana muri Kongo, « Terres des Enfants », ryitavye uwo mwiherero, ribona ko uwo mwiherero uje hageze kubera intambara iriko irabera mu buseruko bw’ico gihugu.

No mu Burundi, ivyaha bibangamira abana birakorwa. Ishirahamwe « ONLCT-Où est ton Frère » rigwanya urudandazwa rw’abantu rivuga ko uburenganzira bw’abana buhungabanywa cane cane n’abari bajejwe kubakingira.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ndetse ryemeye gufasha ishirahamwe ryigenga canke uwundi yokora amatohoza ku vyaha bikorerwa abana bishobora guhanwa n’ama sentare akomeye nka sentare mpuzamakungu mpanavya CPI canke izindi zihuza imiryango y’ibihugu bitandukanye.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru, ari kuri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, i La Haye mu Buholande.

CPI Igiye Guhangana n'Ivyaha Bikorerwa Abana
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG