Uko wahagera

Cote d’Ivoire Igiye Gutangura Kuvana Abasirikare Bayo muri Mali


Bamwe mu basirikare ba Cote d'Ivoire bari muri Mali
Bamwe mu basirikare ba Cote d'Ivoire bari muri Mali

Igihugu ca Cote d’Ivoire catangaje ko kigiye gutangura gukura abasirikare baco mu nteko mpuzamakuntu zicungera umutekano muri Mali.

Iyo ngingo yatangajwe mw’ikete ambasaderi aserukira ico gihugu muri ONU, yarungikiye umutegetsi akomeye wo muri iryo shirahamwe. Ni inyuma y’aho mu kwezi kw’indwi, reta ya Mali ihagarikiye 46 mu basirikare baco bari mu gikorwa co gucungera umutekano.

Reta ya Mali yagirije abo basirikare ko ari abacangero. Yamara Cote d’Ivoire yoyo ikavuga ko abo basirikare bari mu nteko zayo ziri mu nteko z’ishirahamwe mpuzamakungu zicungera umutekano muri Mali.

Cote d’Iovoire yaramenyesheje kandi ishirahamwe mpuzamakungu ko itazorungika abandi basirikare basubirira abari muri Mali mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’2023, nk’uko vyari bitegekanojwe.

Igihugu ca Mali kimaze imyaka irenga cumi gifashwa n’inteko z’abasirikare bo mu karere kirimwo, mu bikorwa vyo gucungera umutekano no gutuza abagwanyi b’abayislamu bigumuye, bamaze kwica abantu ibihumbi n’ibihumbi kandi bamaze kwigarurira ibice binini vyo hagati hamwe no mu buraruko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG