Uko wahagera

Irani Irahiga Kwica Babiri Bahoze Muri Reta ya Donald Trump


Uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire muri Amerika, Mike Pompeo, i buryo na Brian Hook, intumwa idasanzwe ya Amerika kuri Irani, i Washington, kw'itariki ya 16/08/2018

Reta ya Prezida Joe Biden yaremeje ko Irani ikibangamiye umutekano w’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, Mike Pompeo hamwe n’umwe mu bahoze ari abafasha biwe. Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, mu ndwi iheze bwaramenyesheje kongere ya Amerika ko abo bategetsi babiri bahoze muri reta ya Donald Trump bahowe akazi bakoreye reta.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, ryanditse mu kwezi kwa gatatu ko ubushikiranganji bw’imigenderanire buriha imiriyoni zirenga z’ibiri z’amadolari buri kwezi. Ayo mafaranga ni ayagenewe gucungera umutekano wa Mike Pompeo na Brian Hook yahoze ari intumwa idasanzwe ya Amerika kuri Irani.

Abategetsi muri Irani bagirije abo bahoze muri reta ya Amerika ko ari bo batanze uburenganzira bw’igitero c’indege ya drone ya Amerika cishe umukomanda wa Irani, Qassem Soleimani i Baghdad mu kwezi kwa mbere 2020.

Ariko n’aho reta ya Joe Biden ibandanya iriha ayo mafaranga yo gucungera abo bahoze muri reta ya Trump, irabandanya kandi ibiganiro na Irani ku masezerano ya nikereyeri yo mu 2015.

Ibi biganiro bimaze amezi vyarahagaze, ariko reta ya Amerika ifise icizere ko mu gihe ca vuba bigiye gusubira gutangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG