Uko wahagera

ONU: Integuro y'Itegeko Risaba Uburusiya Gushumbusha Ivyononwe muri Ukraine


Inama ya bose ya ONU yemeje kuri uyu wa mbere integuro y’itegeko isaba Uburusiya gushumbusha abantu bishwe hamwe n’ivyononywe n’intambara bwateje muri Ukraine.

Uburusiya ntibwashoboye guhagarika iyo nteguro y’itegeko yazanwe na Ukraine Canada, Ubuholande na Guatemala. Yemejwe ku majwi 94. Ibihugu 14 vyatoye bihakana iri tegeko, birimwo Uburusiya, Ubushinwa, Cuba, Mali na Etiyopiya.

Ibindi 73 vyashimye kutagira ico bivuze, ahanini bigizwe n’ivyo ku mugabane wa Afrika, ariko kandi na Brésil, Isirayeli n’Ubuhindi.

Ambasaderi wa Ukraine muri ONU, Sergiy Kyslytsya, yavuze ko igihugu ciwe kirindiriwe n’umutwaro munini wo gusanura ivyasambuwe n’intambara, ariko kandi ko abagize ingaruka z’iyo ntambara bakwiye gushumbushwa.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yashimye iyo ngingo yafashwe na ONU.

Ku cicaro ca ONU, i New York, intumwa y’Uburusiya yavuze ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi biri mu mugambi wo gukoresha amamiriyaridi y’amadolari y’ubutunzi bw’Uburusiya bwafashwe mu kuguriramwo ibirwanisho Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG