Uko wahagera

Irani: Abamaze Kurwa mu Myiyerekano Barenze 325


Bamwe mu bakoze imyiyerekano muri Irani
Bamwe mu bakoze imyiyerekano muri Irani

Abamaze kurwa mu myiyerekano ibandanya muri Irani barenze 325. Ibi biharuro bitangwa n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryitwa, Iran Human Rights, rifise icicaro ku murwa mukuru wa Noruvege, Oslo.

Ishirahamwe, Iran Human Rights, rivuga ko mu bamaze kurwa muri iyo myiyerekano harimwo abagore 43 n'abana 25. Mw'itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryavuze ariko ko ibi bitigiri ari ngereranyo, kandi ata nkeka birenga aho. Risigura ko hari amakuru ya benshi baguye muri iyo myiyerekano rigitohoza.

Mahmood Amiry-Moghaddam atwara iryo shirahamwe yahamagariye amakungu gufasha guhagarika ico yise urugomo muri Irani.

Imyiyerekano ibandanya muri Irani yatanguye mu kwezi kw'icenda inyuma y'urupfu rw'umuyabaga w'umwigeme yitwa Mahsa Amini yashengeye ku myaka 22.

Umuryango w'uwo muyabagaba, incuti ziwe n'abaharanira agateka ka zina muntu bemeza ko yishwe na polisi yamuhohoteye imuziza kutitwikira neza, nkuko idini rya isilamu ribitegeka. Polisi na reta ya Irani bihakana uruhara mu rupfu rwa Amini, vyemeza ko yazize urwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG