Uko wahagera

Ingwano ya M23 n'Abasirikare Yakaze mu Buseruko bwa DRC


Ingwano yiyongeye uno musi ku wa gatanu mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo hagati y'abarwanya ubutegetsi bo mu murwiu M23 n'inteko za reta. Iyo nkuru itangazwa n'uwuyoboye umurwi M23 n'amakuru aturuka mu gisirikare ca reta.

Umusirikare akomeye w’igihugu ca Congo avuga ko bariko barasa ibisasu ku birindiro vy’abarwanyi b’umurwi M23, kandi ko bazosubira kwigarurira ibice bafashe. Ugutana mu mitwe kuvurwa ko kwabereye mu gitondo c’uuno musi ku wa gatanu mu bice bitari bike vyo mur teritwari ya Ituri, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Ukundi gutana mu mitwe kwabereye muri pariki ya Virunga hafi y’ibisagara vya Kiwanja na Rutshuru, nk’uko bitangazwa n’abanyagihugu bahaba n’umurwi M23.

Ntaco umuvugizi w’igisirikare ca Congo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko yabivuzeko. Yamara Bertrand Bisimwa, umwe mu bayoboye umurwi M23 yatangaje mu butumwa kuri Twitter ko ingwano yasubiye kubandanya. Yagirije igisirikare ca Congo ko gikorana n’uwundi murwi urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda, FDLR, n’abandi barwanyi batandukanye bo mu buseruko bwa Congo.

Ugutana mu mitwe kwari bwagabanutse mu kiringo c’indwi kuva umurwi M23 utanguye ibitero bishasha mu mpera z’ukwezi kw’icumi. Ivyo bitero vyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga ingo zabo.

Ingwano shasha yatumye imigenderanire itosekara hagati ya Congo n’igihugu kibanyi c’u Rwanda. Congo yagiriza u Rwanda ko rushigikiye umurwi M23. Yamara rwo rurabihakana. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG