Uko wahagera

Burundi: Bamwe mu Banyagihugu Bemeza ko Imibereho Ibandanya Iba Mibi


Bamwe mu banyagihugu bo mu Burundi
Bamwe mu banyagihugu bo mu Burundi

Mu Burundi abanyagihugu batandukanye barimwo abarengeje imyaka mirongo 60 baganiriye n’ijwi ry’Amerika bavuga ko imibereho yabo ibandanya iba mibi cane bagereranije n’ibihe biheze. Ivyo bakabishimikira ku kuba n’uwari yizeye ko azohindurirwa ubuzima n’umwana wiwe yasomesheje amashuri atariko bikimeze.

Naho amashirahamwe yigenga atandukanye mu Burundi arasaba Reta y’Uburundi gushiraho abahinga biga ku bibazo vyinshi vyugarije abarundi muri kino gihe, birimwo ubukene.

Zimwe mu ngorana abaganiriye n’ijwi ry’Amerika badondaguye, zirimwo ko ibintu bitera vyunyuka mu Burundi, birimwo ubukene bwo kubura ivyo bafungura hamwe no kudashobora kwivuza ndetse n’ubushomeri bubandanya bwongerekana.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye na Barasamaje Victor, umunyagihugu amaze imyaka 50 adandaza amagi, akaba afise imyaka 67 y’amavuko nkuko yavyivugiye, akaba afise umuryango w’abana 10, bose bakaba barize ku mafaranga yakura muri urwo rudandazwa rw’amagi. Gusa akababazwa n’uko abo bana babuze akazi, abandi bagakora badahembwa.

Barasamaje yabwiye ijwi ry’Amerika ko bimwe mu bidaha amahirwe abana biwe ari itangwa ry’ibiturire mw’itangwa ry’akazi birwiriye mu Burundi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye akorera Ijwi ry'Amerika

Intahe za Bamwe mu Barundi Bemeza ko Ubuzima Babayemwo Bubandya Kuba Bubi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:28 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG