Uko wahagera

Amerika muri Misiri Kumvikanisha Ingene Isi Yogabanya Ivyuka vyo mu Kirere


Prezida Joe Biden akigera muri Misiri
Prezida Joe Biden akigera muri Misiri

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yagiye mw'ikoraniro mpuzamakungu rigira irya 27 kw'ihindagurika ry'ibihe ririko ribera mu gihugu ca Misiri.

Vyitezweko ahangana n'ibibazo ku kugene igihugu ciwe kizokwumvisha ibindi bihugu birungika mu kirere imyuka yonona ibidukikije ku rugero rurengeye cane ibindi bihigu vyo kw'isi kuyigabanya.

Prezida Biden yafashe indege yiwe, Air Force One, mw’ijoro ryo ku musi wa kane ahimbajwe n’ukugene umugambwe wiwe w’abademoktare wavyifashemwo neza mu matora yo kuwa kabiri.

Yari ashimishijwe kandi n’uko Kongre ya Amerika yemeje muri uyu mwaka itegeko rikomeye cane ryerekeye gushiraho uburyo bw’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe n’intambwe zikomeye za Ukraine mu rugamba ico gihugu kirimwo rw’ukwivuna Uburusiya.

Azokwerekana kandi ukugene igihugu ciwe cemeye gutegekanya imiliyaridi 375 y’amadolari mu kiringo c’imyaka 10 agenewe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Ivyo bizotuma Prezida Biden aremera ibindi bihugu gushira mu ngiro ivyo vyemeye vyerekeye kugabanya imyuka igeramira ibidukikije n’ugutera vyijukira amasosko ntanganguvu atageramira ibidukikije.

Naho ari uko impinga iracari ndende kuri Amerika n’ibindi bihugu vyo kw’isi ku vyerekeye kwubahiriza urugero vyari vyumvikanyeko rw’ukugabanya imyuka igeramira ibidukikije, abahinga bizeyeko bizogabanya ubushuhe butera bwiyongera kurushiriza kw’isi.

Kwitaba ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe ririko ribera mu gisagara vca Sharm el-Sheikh, mu gihugu ca Misiri, izoba ibaye intambwe ya mbere mu rugendo rwa Prezida Biden mu makungu. Azojya kandi mu nama y’abategetsi b’ibihugu vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bw’akarere ka Aziya izobera muri Cambodge, hamwe n’ikoraniro ry’umurwi G20 ry’abategetsi b’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi izobera mu gisagara ca Bali muri Indoneziya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG