Uko wahagera

Umugozi wo Kwiyahura Watumye Ibikorwa vyo Kubaka Ikigo ca Obama Bihagarara


Ino foto ya Barack Obama yahoze atwara Amerika na Madamu wiwe Michelle Obama yafashwe igenekerezo rya 28 ukwezi kwa cenda ko mu 2021. Hari umunsi batanguza ibikorwa vyo kubaka ikigo citiriwe Obama.
Ino foto ya Barack Obama yahoze atwara Amerika na Madamu wiwe Michelle Obama yafashwe igenekerezo rya 28 ukwezi kwa cenda ko mu 2021. Hari umunsi batanguza ibikorwa vyo kubaka ikigo citiriwe Obama.

Ibikorwa vyo kubaka ikigo citiriwe Obama yahoze ari prezida w’Amerika mu gisagara ca Chicago kiri muri reta ya Illinois, iri hagati hashira uburengero bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, vyabaye birahagaze.

Ivyo bikorwa vyahagaze bivuye ku mugozi abariko bubaka ico kigo basanze aho kiriko kirubakwa ejo ku wakane. Sosiyete yitwa, Lakeside Alliance y’abirabure, iriko yubaka ikigo citiriwe Obama, yavuze ko ivy’uwo mugozi wo kwiyahura yabimenyesheje igipolisi co muri Chicago.

Umugozi wo kwiyahura ni kimwe mu vyaranze ibikoresho vyifashishijwe mu kwica abacakara cane cane b’Abanyamerika birabura, baba abicirwa ku biti canke abicwa banyonzwe mu gihe c’ubucakara no mu kinjana ca 20.

Buramatari wa reta ya Illinois, J.B. Pritzker, ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse ati: “ Umugozi wo kwiyahura ahanini werekana urwanko rushingiye kw’ivangura rukoba. Ni ikimenyetso c’iterabwoba n’ubundi bugizi bwa nabi bigikorerwa Abanyamerika bafise urukoba rwirabura.”

Sosiyete Lakeside Alliance iriko yubaka ikigo citiriwe Obama yemeye gutanga amafaranga agera ku bihumbi 100 vy’amadorali y’Amerika, ku wuzotanga amakuru y’uwashize uwo mugozi wo kwiyahura ahariko hubakwa ikigo citiriwe Obama.

Barack Obama ni we mwirabure wa mbere yatwaye Amerika. Madamu wiwe Michelle Obama nawe ni we mugore wa mbere w’umwirabure yagiye mu mabanga y’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu aha muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG