Uko wahagera

ONU Yagiriza Mali n'Abajihadiste Kwica Abasivile


Umusore yarokotse igitero c'abajihadiste mu bitaro vy'i Somine Dolo mu ntara ya Mopti, Mali, kw'itariki ya 24/06/2022
Umusore yarokotse igitero c'abajihadiste mu bitaro vy'i Somine Dolo mu ntara ya Mopti, Mali, kw'itariki ya 24/06/2022

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko igisirikare ca Mali n’imihari y’abajihadiste bakoze ubwicanyi hamwe n’ivyaha vyo guhungabanya agateka ka muntu.

Raporo y’umurwi wa ONU muri Mali, (MINUSMA) yabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP kuri uyu wa kane, yerekana ivyaha 375 vyo guhohotera agateka ka muntu. Vyakozwe muri ico gihugu hagati y’ukwezi kw’indwi n’ukw’icenda. Iyo raporo yegeka ivyaha 163 ku mihari y’abajihadiste n’162 ku gisirikare ca Mali.

Ikurikiye izindi raporo zasohowe na ONU hamwe n’abahinga bigenga zemeje ko igisirikare ca Mali cakoze amabi gifadikanije n’abanyamahanga.

Ivyaha ONU yagiriza Mali vyakorewe mu ntara zo hagati muri ico gihugu, aho igisirikare cakoreye ibitero vyo ku rugero runini kuva umwaka utangura.

Ivyaha vyegekwa ku mihari y’abajihadiste vyakorewe nka vyose mu buraruko bushira ubuseruko ahariko harabera intambara kuva mu kwezi kwa gatatu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG