Uko wahagera

Kenya Igiye kurungika Abasirikare Bayo mu Buseruko bwa DRC


Bamwe mu basirikare ba Kenya
Bamwe mu basirikare ba Kenya

Inama nshingamateka y'igihugu ca Kenya yemeje irungikwa mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo ry'inteko zigera ku gihumbi zizoba ziri mu nteko nshasha zo mu karere zarungitswe muri Congo. Ni mu gihe hari ibibazo ku miliyoni 37 izokoreshwa mu mezi atandatu ya mbere y'igikorwa c'izo nteko.

Raporo y’inama nshingamateka ya Kenya imenyesha ko ayo mafranga azokoreshwa ku bikoresho, imishahara n’ibindi bikorwa vy’inteko zirenga 900 zagiye kwifatanya n’inteko zo mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko zizofasha inteko za Reta ya Kongo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho.

Abashingamateka batavuga rumwe na reta barashikirije ibibazo ku mpamvu Kenya iriko ikoresha amafranga menshi mu bikorwa vy’inteko zo mu karere mu gihe ico gihugu ubwaco bwite gifise ibibazo vyerekeye umutekano. Kenya kandi ihanganye n’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa bitera vyoyongera n’amadeni akomeye.

Prezida wa Kenya, William Ruto, mu ndwi iheze yavuze ko kurungika inteko muri Congo bikenewe kandi vyihutirwa ku neza y’umutekano mu karere. Uruhagarara n’ubwicanyi biterwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Kongo vyatumye imigenderanire hagati y’ico gihugu n’u Rwanda itosekara bikomeye. Ivyo bihugu vyompi vyagirizanya gushigikira imirwi igwanya ubutegetsi bwavyo.

Inteko za Kenya zizoba zifise icicaro cazo mu gisagara ca Goma, mu buseruko bwa Kongo. Inteko zo mu karere, zumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere mu kwezi kwa gatandatu, zirongowe n’umusirikare w’intwazangabo wo muri Kenya. Zigizwe kandi na batayo 2 zo muri Uganda, na 2 zo mu Burundi na Sudani yo mu bumanuko. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG