Uko wahagera

Ubufaransa Bwatangaje Irangira rya Barkhane muri Afrika


Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo kw'ikambi ya gisirikare i Toulon, mu bumanuko bw'Ubufaransa, kw'itariki ya 9/11/2022
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron ashikiriza ijambo kw'ikambi ya gisirikare i Toulon, mu bumanuko bw'Ubufaransa, kw'itariki ya 9/11/2022

Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, kuri uyu wa gatatu yatangaje ko igihugu ciwe kirangije igikorwa c’inteko za Barkhane z’abanyaburaya zari kurwanya iterabwoba muri Afrika. Izo nteko zari zimaze imyaka irenga cumi muri ivyo bikorwa.

Abasirikare b’Ubufaransa baranswe na bamwe bo ku mugabane wa Afrika babona ko ari inteko z’abakoloni, ataco ziriko zirakora kigaragara.

Prezida Macron yarakuye abasirikare muri Mali uyu mwaka igihe imigenderanire n’abategetsi bashasha b’ico gihugu yatosekara cane.

Ariko abasirikare hafi 3,000 b’Ubufaransa baracari muri Burkina Faso, Cadi na Nijeri. Nta mugambi wa vuba uratangazwa wo kugabanya igitigiri cabo.

Abasirikare bo mu nteko za Barkhane barungitswe muri Mali mu 2013, igihe abajihadiste bari bafashe igice kinini c’uburaruko bw’ico gihugu imbere yo gusubizwa inyuma.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG