Uko wahagera

PAM Ivuga ko Yarengewe n'Ubwinshi bw'Impunzi z'Abakongomani muri Malawi


Impunzi iriko irahabwa ibigori mw'ikambi y'i Dzaleka refugee muri Malawi
Impunzi iriko irahabwa ibigori mw'ikambi y'i Dzaleka refugee muri Malawi

Ibigo vya ONU muri Malawi bivuga ko ubwinshi bw’impunzi zihunga intambara muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo bwatumye ibifungurwa bikeha mw’ikambi ya mbere y’impunzi nini muri Malawi.

Porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa, PAM, yagabishije ko imfashanyo z’ibifungurwa bigenewe iyo kambi y’impunzi zirenga 50.000 zihera zitamaze kabiri.

Intambara muri Kongo yatumye impunzi zirushiriza kuja muri Malawi mu kiringo c’imyaka irenga mirongo ibiri. Abanyagihugu ba Kongo baharurwa mu bihumbi amacumi ni bo bakuwe mu ngo zabo kuva aho abarobeli bafatiye uduce dushasha.

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, co kivuga ko mu kwezi kw’icenda kwonyene, ikambi y’i Dzaleka, ku birometero 40 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Lilongwe, yakiriye impunzi 423, nyinshi zavuye muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo.

Ku musi wa gatatu w’indwi iheze, zimwe mu mpunzi zo mw’ikambi y’i Dzaleka zarakoze imyiyerekano inyuma y’aho PAM igabanirije urugero rw’ibifungurwa kugira hafashwe n’abandi bashasha.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG