Uko wahagera

Umuriro mu Nzu yo Kunyweramwo Icayi mu Burusiya Wahitanye 15


Ahadutse umuriro mu Burusiya

Abantu 15 bahitanywe n’umuriro wadutse mu nzu yo kunweramwo icayi mu gisagara citwa Kostroma co mu Burusiya.

Abategetsi b’ico gisagara kiri mu buraruko bw’umurwa mukuru Moscow, batangaza ko uwo muriro wakomerekeje 5, wongera usenyura igisenge co hejuru cose c’inzu wadutsemwo.

Abajejwe gutabara batabaye abagera ku 250.

Amatohoza y’ibanze yerekana ko wadutse inyuma y’uko bamwe mu bariko bivunira umusase muri iyo nzu bashwanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG