Uko wahagera

Ibitero vy'Uburusiya Vyasize Ibisagara vya Ukraine mu Bukene bw'Amazi n'Umuyagankuba


Umugabo ariko aravoma amazi aho abanyagihugu batondeye amazi inyuma y'aho 80% vy'ababa i Kiev batagira amazi n'amatara, inyuma y'ibitero vy'Uburusiya, kw'itariki ya 31/10/2022
Umugabo ariko aravoma amazi aho abanyagihugu batondeye amazi inyuma y'aho 80% vy'ababa i Kiev batagira amazi n'amatara, inyuma y'ibitero vy'Uburusiya, kw'itariki ya 31/10/2022

Uburusiya bwongereje ibitero ku bisagara bitari bike vya Ukraine kuri uyu wa mbere. Ibi bitero vyasambuye inyubakwa zihambaya ku buzima bw’igihugu, vyongera bikata umuyagankuba n’amazi ku murwa mukuru Kiev no mu zindi ntara. Bikozwe inyuma y’umusi umwe Uburusiya bwagirije Ukraine gutera ubwato bwabwo mw’ibahari yirabura.

Umukuru w’igisagara Kiev, Vitali Klitschko, yavuze ko umurwa mukuru Kiev utagira umuyagankuba n’amazi, aho ibice 80 kw’ijana vy’abahaba batagira amazi mu mazu.

Ukraine ntiremeza canke ngo ihakane ko ari yo yateye amato y’Uburusiya ku musi wa gatandatu. Uburusiya bwavuze ko ari yo mvo yatumye buva mu masezerano yo kwongera kureka ko amato atwara ingano n’ifumbire akora.

Ukraine, Turukiya na ONU bumvikanye ko ayo mato abandanya atwara ingano n’ifumbire biva ku bivuko vya Ukraine kuri uyu wa mbere.

Josep Borrell ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe rya Buraya yasavye Uburusiya gusubira muri ayo masezerano kugira ibifungurwa bishobore gushikira ibice vy’isi.

@AP, AFP, Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG