Uko wahagera

USA: Bamwe mu Bashingamateka Basaba Biden Kuganira n'Uburusiya


Ifoto za Prezida Putin, Zelensky na Trump
Ifoto za Prezida Putin, Zelensky na Trump

Bamwe mu bashingamateka b’abademokrate basavye prezida w’Amerika Joe Biden, gukorana ibiganiro n’Uburusiya, ku kibazo c’intambara ico gihugu catanguje muri Ukraine.

Abashingamateka basavye Prezida Joe Biden guhindura umukenyuro w’Amerika mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine ni 30.

Bamwandikiye ikete bamubwira ko bashima intererano zaba za gisirikare canke z’ubutunzi, Amerika yagiye iraha Ukraine mu ntumbero yo kuyifasha guhangana n’ico bise agasomborotso k’Uburusiya.

Abo bashingamateka ariko basanga hageze ko Amerika ikoresha inzira za kidiplomasiya, kugira intambara bavuze ko yashize mu kaga abanyagihugu ba Ukraine, ikaba iriko ituma ikibazo c’inzara kiba ndanse kw’isi yose, co kimwe n’ubukene buriko buterwa n’iduga ry’ibiciro vy’ivya ngombwa birimwo igitoro ihere

Abademokrate basinye iryo kete, bamwibukije ko nka bamwe mu bemeje amamiriyari n’amamiriyari yo guha Ukraine, biri mu nshingano zabo zo kwerekana izindi nzira n’imikenyuro irimwo kuvugana bidatevye n’Uburusiya.

Mu kwezi kwa gatandatu, Prezida Joe Biden mu kiganiro n’abamenyshamakuru, yarigeze nawe nyene kuvuga ko inzira y’ibiganiro vyanke bikunde ari iyo gutegekanya. Gusa ico gihe, yumvikanishije ko atabona uko ivyo biganiro vyotunganywa na ryari vyoba.

Ikete ry’abashingamateka b’Amerika rishimangira ko Amerika idateganya gushira igitutu kuri Ukraine ngo yemere inzira y’ibiganiro. Gusa, bimwe mu vyokorwa bibaza ko vyoshimikira ku ngingo zokwemerwa n’impande zose ariko na cane cane uruhande rwa Ukraine.

Kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine mu kwa kabiri, Amerika imaze guha Ukraine imiriyaridi zababa 60 z’amadorali, yakoze mu vy’ubugira neza, ubutunzi n’ivya gisirikare. Muri iryo kete abademokrate barungikiye Joe Biden, basiguye ko biteguye kubandanya bafashisha Ukraine imfashanyo nk’izo.

Basozereye ikete ryabo bagira bati: “ Dushingiye ku gasomborotso k’Uburusiya, turavye ingene yipfuza kwigarurira vyanke bikunde uburere bumwe bumwe bwa Ukraine, turazi ko bizogorana kugondoza Uburusiya kwicara ku meza y’ibiganiro. Naho biri uko, Amerika ifise inshingano yo gukoresha inzira za kidiplomasiya zose zotuma intambara ihera, ariko Ukraine idatakaje ukwigenda kwayo.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG