Uko wahagera

Somaliya: Abishwe na Bombe ya Al Shabab i Mogadishu Bashitse kw'119


Abantu bagendagenda ahaturikiye bombe ku musi wa gatandatu itariki ya 29/10/2022 i Mogadishu, muri Somaliya.
Abantu bagendagenda ahaturikiye bombe ku musi wa gatandatu itariki ya 29/10/2022 i Mogadishu, muri Somaliya.

Igitigiri c’abishwe n’ibitero bibiri vya bombe vyakozwe na al-Shabab ku musi wa gatandatu i Mogadishu cariyongereye gushika ku bantu 119.

Umutegetsi wa reta ya Somaliya atashatse ko amazina yiwe amenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hari abantu 10 baburiwe irengero. Yavuze kandi ko umurwi washinzwe na reta watohoje abantu 324 bakomeretse.

Uwo muetegetsi yavuze ko igisasu ca mbere caturikijwe na bombe y’umwiyahuzi yatezwe mu modokari ku bushikiranganji bw’indero. Ikindi gisasu kigira kabiri caturikiye mu modokari ntoya yari yuzuye ibisasu.

Iri yongerekana ry’abishwe n’ibi bitero biciye bituma kiba igitero ca kabiri kimaze guhitana abantu benshi muri Somaliya. Ica mbere cahitanye benshi cabaye kw’itariki ya 14 z’ukwezi kwa cumi, 2017. Hari igihe ikamyo yuzuyemwo ibisasu biturika isambukiye mu masanganzira y’amabarabara ku murwa mukuru, hapfa abantu 587 n’abakomeretse baharurwa mu majana. Umuhari Al-Shabab ntiwemeye ko ari wo wakoze ico gitero, ariko kuri ibi vyo ku musi wa gatandatu waravyigamvye.

Reta ya Somaliya hamwe n’amakungu baneguye ivyo bitero.

Prezida Hassan Sheikh Mohamud yavuze ko ico gitero ari ubunyamaswa ku banyagihugu b’inzirakarengane.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG