Uko wahagera

USA: Abagirijwe Kwica Malcom X Bagiye Gushumbushwa


Ishure ryitiriwe Malcom X
Ishure ryitiriwe Malcom X

Reta ya New York igiye gushumbusha abagabo babiri bagirijwe icaha batakoze co kwica Malcom X, umwirabure yaharaniye ineza y’abirabure.

Abo bagabo bagirijwe icaha co kwica Malcom X mu mwaka wi 1965. Bagizwe abera mu mwaka uheze. Bagiye gushumbushwa amafaranga angana n’imiriyoni $36 z’amadolari y’amanyamerika.

Umushikirizwamanza wabo amenyesha ko igisagara ca New York kizotanga imiriyoni 26, reta ya New York nayo itange imiriyoni 10.

Abo bagabo bompi Muhammad Aziz hamwe na Khalil Islam bamye bavuga ko babahoye ubusa kandi ko barenganijwe.

Aziz ubu afise imyaka 84, Islam we yitavye Imana mu mwaka wa 2009

Abo bagabo bamaze imyaka itari mike mu munyororo bahava barekugwa ivy’agateganyo mu mwaka wi 1980.

Ayo mafaranga y’agashumbusho bazoyaganganyamwo kubiri hagati yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG