Uko wahagera

Abasirikare ba Myanmar Bagirizwa Ivyaha Birimwo Kwica Abana


Ishure ryagabweko igitero mu kwezi guheze
Ishure ryagabweko igitero mu kwezi guheze

Intumwa idasanzwe ya ONU muri Myanmar igabisha amakungu ko adahinduye ingene ariko ahangana n’abasirikare batembagaje ubutegetsi hazokwaduka akaga karenze “akari muri ico gihugu.”

Mu kiganiro cihariye, Tom Andrews, yahaye Ijwi ry’Amerika yagize ati: “ Ibikorwa vy’amakungu muri Myanmar birimwo akajagari, nta murongo bigira ngenderwako, vyuzuyemwo ugusamara.”

Ibikorwa uwo mutegetsi atora utunenge birimwo ibihano amakungu yafatiye Myanmar.

Mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika, Tom Andrews yemeje ko kuva abasirikare batembagaza ubugetsi mu 2021, abaharurwa mu bihumbi bamaze kwicwa urw’agashinyaguro, abandi barafungwa. Mu bishwe yemeje ko harimwo abana babanje kuborezwa igufa. Yagize ati: “ Ubugizi bwa nabi n’ubunyamaswa bw’abasirikare baramustwa Myanmar ntibigira izina.”

Bumwe mu burororero yishimikiza mu kwagiriza ubunyamaswa abasirikare batembagaje ubutegetsi, burimwo igitero kajugujugu ya gisirikare yagavye kw’ishure riri mu buraruko bwa Myanmar mu kwezi guheze.
Ico gitero cahitanye abantu 13 barimwo abana 7. Yibukije kandi ikindi gitero abasirikare bagavye ahakoraniye abantu mu ntango z’ino ndwi kigahitanma abagera ku 50 .

Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU muri Myanmar yashimagije abaharanira agateka ka zina muntu, n’abamenyeshamakuru avuga ko ari intwari zigendera, agira ati : “ Ku munsi ku munsi bashira ubuzima bwabo mu kaga, barwana n’uko ibibera muri Myanmar bimenyekana.” Yabasabiye ubufasha, yongera yemeza atarya umunwa ko abasirikare ba Myanmar bariko bakora ivyaha vyo mu ntambara na ndengerabutungane.

Abasirikare ba Mynamar ntaco bavuze kuri ivyo vyagiriji , Tom Andrews yanashikirije ONU. Hagati aho, iyo ntumwa ya ONU yasavye amakungu gufata izindi ngingo zizotuma abasirikare batongera kuronka ibitoro vy’indege zabo, ibirwanisho, no kudashigikira amatora azoba mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG