Abategetsi ba Tanzaniya batanguye gutanga amazi mu gisagara c’ubutunzi, Dar es Salaam.
Ibikorwa vyaraye bitanguye bigamije guhangana n’ikena ry’amazi ryatewe n’igabanuka ry’ayari mu ruzi Ruvu. Amazi akoreshwa mu gisagra ca Dar es Salaam n’imicungararo yaco ahanini ava muri urwo ruzi rutera rwuma.
Amazi yo mu ruzi, Ruvu, ruriko ruruma yavuye ku mariyoni y’amaritiro 466 ku munsi, aja ku mamiriyoni 300. Abajejwe ivy’amazi muri Tanzaniya bemeza ko Dar es Salaam yonyene ikoresha amamiriyoni y’amaritiro 500 ku munsi.
Igisata kijejwe gutanga amazi muri Tanzaniya, DAWASA, caburiye ababa mu gisagara ca Dar es Salaam kibabwira ko bagiye kumara amasaha 24 ata n’ima babona mu mazu yabo.
Ico gisata cumvikanisha ko ku ndwi ku ndwi kizoza kiravuga ryari amazi aboneka na ryari ataboneka, bivanye n’uko azoja ariyongera mu ruzi, Ruvu. Ntibigeze batanga isango rya ryari bibaza iki kibazo kizokemuka.
Abahinga mu vyo kugendereza ibirere, berekana ko ubugararwa n’ikena ry’imvura bigiye kwibasira Tanzaniya n’ibihugu bibanyi vyayo vyo mu karere ka Afurika y’ubuseruko.
Facebook Forum