Uko wahagera

Prezida w'Amerika Yakiriye uwa Isirayeri


Prezida wa Isirayeri kumwe n'uwa Amerika
Prezida wa Isirayeri kumwe n'uwa Amerika

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yaraye yakiriye prezida wa Isirayeri, Isaac Herzog. Mu mubonano wabereye ku kirimba ca Biden I Washington DC, abo bategetsi bayaze ku bibazo bitandukanye birimwo ivy’umutekano mu makungu, ibibazo bitandukanye “ biriko biterwa na Irani”, n’ingene Isirayeri yogira uruhara ruboneka mu karere k’ibihugu vy’abarabu.

Joe Biden yabwiye Isaac Herzog ko Amerika izokwama ifasha Isirayeri igihe cose bizoba ngombwa, Herzog nawe amwishura ko ubucuti bwa Isirayeri na Amerika, na ntaryo buzokwama bwafashije ivvyo bihugu kurengera ibishobora kubitandukanya mu vya politike.

Mu ntango z’uku kwezi kwa cumi, Amerika yaragize uruhara mu kugerageza kwumvikanisha Isirayeri na Libani ku matati ivyo bihugu vyarimwo. Mu gihe vyitezwe ko uno munsi ku wa kane hashobora kuboneka amasezerano aza aherekeza uko kumvikana, Biden yashimiye Herzog amubwira ko yabigizemwo uruhara n’ubutwari bwinshi.

Profeseri Jonathan Rynhold, atwara igisata ca politike kuri kaminuza Bar-Ilan, yegukira reta ya Isirayeri yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umubonano wa Biden na Herzog ufise vyinshi usiguye, canae cane ko ubaye mu gihe ivyo bihugu uko ari bibiri bisagaje indwi nke bikaja mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG