Uko wahagera

Ibitero bya Drone muri Oromiya muri Etiyopiya Vyahitanye Abasivire


Ibitero vy'indege zitagira abadereva bita drone mu ntara ya Oromiya muri Etiyopiya vyahitanye abasivile batari bake mu ndwi iheze.

Ivyo bitero vyabareye mu bice vyiziziwe n’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi, “Oromo Liberation Army”, OLA, mu mpfunyanpfunyo. Bibaye mu gihe ingwano hagati y’inteko za Reta ya Etiyopiya n’abarwanyi b’uwo murwi iriko iriyongera.

Umwe mu babonye ivyabaye atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ku mpamvu z’umutekano wiwe yavuze ko yabuze abo bavukana batatu mu gitero cabaye ku musi wa gatatu, italiki 19 y’uku kwezin kw’icumi. Avuga ko bose bari abanyeshule. Amenyesha ko ico gitero cabaye igihe c’isaha zitandatu zo ku mutaga mu gice citwa Metta Welkite.

Igitero c’indege itagira umudereva cihaye inkumbi kurusha ibindi cabaye ku musi w’Imana igihe hariko haba ibirori vy’abari barangije imyimenyerezo ya gisirikare b’umurwi, OLA, mu karere ka Shewa yo mu burengero. Reta ya Etiyopiya ifata OLA nk’umurwi w’iterabwoba.

Abantu baba mu micungararo yaho bari batumiwe kurorera ivyo birori. Uwabonye ivyabaye avuga ko mu bapfuye harimwo abapfasoni, abana, abasaza na bamwe mu banywanyi b’umurwi OLA. Abategetsi b’ahabereye ivyo bitero ntaco babivuzeko mu gihe abategetsi ba reta ya Etiyopiya ata vyinshi babivuzeko.

Umurwi OLA, wagirije reta ya Etiyopiya ko yakoresheje indege zitagira abadereva mu kugandagura idatora abasivile mu bice vya Metta, Nunu Qumba, Wama Hagalo na Cobi mu buraruko no hagati mu ntara ya Oromiya mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG