Uko wahagera

Prezida Archange mu Yabira Kubera Ikomborwa rya Madamu Darlan


Prezida wa Centrafurika Faustin-Archange Touadera
Prezida wa Centrafurika Faustin-Archange Touadera

Abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka zina muntu muri Santrafurika batera ivyatsi ingingo ya Prezida Faustin Archange Touadéra yo gukombora umukuru wa sentare ntahinyuzwa.

Prezida Faustin Archange Touadéra ejo ku wa kabiri ni ho yakombora Madamu Danièle Darlan. Abatavuga rumwe na reta n’amwe mu mashirahamwe yigenga bemeza ko uwo mupfasoni ata kindi azize atari ukuba yaranse kwemeza amategeko atandukanye yari agamije guhindura ibwirizwa nshingiro, “kugira Prezida Faustin Archange Touadéra aronke uburenganzira bwo kwitoreza manda ya gatatu.”

Abatavuga rumwe na reta n’amashirahamwe yigenga bemeza ko mu gukombora Madamu Danièle Darlan mu mabanga y’umukuru wa sentare nkuru ya Santrafurika, Prezida Faustin Archange Touadéra yahonyanze ibwirizwa nshingiro.

Ibwirizwa nshingiro rigenga Santrafurika rivuga ko ata wurenza manda zibiri. Mu kw’icenda k’uno mwaka, Prezida Touadéra yashinze umurwi uhinyanyura ibwirizwa nshingiro, ushiramwo ingingo zivanaho ibiringo ntarengwa. Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ishingiye ku mategeko, ico gihe yasheshe abari bagize uwo murwi, imigambi yabo iyigwiza na zero.

Kuva ico gihe, Danièle Darlan ntiyigeze arabwa ryiza n’abashigikiye ubutegetsi bwa Prezida Faustin Archange Touadéra. Akenshi baramwibasira vyaba biciye mu myiyerekanano imwiyamiriza, canke amajambo akomeretsa bacisha ku mbugangurukanabumenyi.

Itororokanirizo ry’amakuru ry‘Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ryamubajije ico agona kw’ikomborwa ryiwe, avuga ko arindiriye kuraba aho intahe izoshira imbere y’ukugira ico avuga. Abatavuga rumwe na reta nabo nyene bavuze ko bazokwitwarira prezida, berekana ingene yahonyanze itegeko mu gukura uwo mukenyezi mu mabanga yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG