Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rikeneye uburyo bwihuta bwo gufasha abanyagihugu ba Siriya ryemeza ko akaga barimwo gashobora gusongerwa isibe n’ibihe vy’imbeho bimirije kujamwo.
ONU itangaza ko uburyo bwo gufasha abanyasiriya ahanini bwahereye mu guhangana n’ikiza ca korera, kibarizwa mu turere tugera kuri 14. Kugera ino saha abamaze kumenyekana ko banduye ni imiburiburi ibihumbi 24, mu gihe abo ico kiza kimaze guhitana bagera ku 80.
ONU ivuga ko kugira ihangane na korera, muri Siriya ikeneye vyihuta imiriyoni zababa 35 z’amadorali. Iryo shirahamwe ntiryashize ku mugaragaro uburyo rikeneye bwo gushigikira abanyagihugu mu bindi bisata. Ico bikoze, ryerekanye ariko ko abakeneye ubufasha bwihuta bagera ku miriyoni 14 n’ibihumbi 600. Imiriyoni 12 muri abo bakeneye ubufasha bw’ibifungurwa, abandi bagakenera ibindi vya nkenerwa. Ivyo biharuro ONU yemeza ko biri hejuru y’ibindi vyose iryo shirahamwe ryatororokanije mu myaka 11 iheze.
Ayandi makenga ONU yerekanye, ashimikiye kuba uno mwaka, myinshi mu miryango ya Siriya “ itazoshobora guhangana n’ikibazo c’umuyagankuba, gutyo bikazogorana ko bashuhisha amazu yabo.”: ONU isigura ko abanyagihugu ba Siriya bakeneye kuzofashishwa ibikoresho vyo kwirinda imbeho biyongeyeko ibice 30% ugereranije n’abari babikeneye mu mwaka uheze. Igice kinini c’abo bantu, kigizwe n’abana n’abagore baba mu makambi adafise uburyo bwo gushuhisha amazu, umuyagankuba ukwiye n’amazi akwiye.
ONU Ikeneye Miriyoni z'Amadorali Afashe Siriya

Facebook Forum