Uko wahagera

Ingabo za Etiyopiya n’iza Eritreya Zigaruriye Igisagara Citwa Awa


Ingabo za Etiyopiya n’iza Eritreya zigaruriye igisagara citwa Awa cari kimaze iminsi mu minwe y’abagwanira mu karere ka Tigreya.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, AP, ryatangaje ano makuru rivuga ko zigaruriye ico gisagara gikomeye inyuma yaho ingabo zirwanira ku ruhande rwa Tigreya zikinjuye inyuma yo kubura abarwanyi benshi.

Ingabo za Eritreya na Etiyopiya zigaruriye ico gisagara mu gihe ibiganiro hagati y’impande zishamiranye bishobobora gutangura muri ino ndwi. Umuryango w’ubumwe bwa Afurika wasabwe kubitunganya no kubihagarikira nturatangaza amatariki ntabanduka bizotangururirako. Bikaramuka bibaye, bizobera muri Afurika y’Epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG