Uko wahagera

USA na UK Bagabisha ko Abihevyi Bashobora Gutera Nijeriya


Ahahaerere umurwa mukuru wa Nijeriya
Ahahaerere umurwa mukuru wa Nijeriya

Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubwongereza bigabisha ko abihevyi bashobora gutera ibibanza bimwe bimwe vy’umurwa mukuru wa Nijeriya, Abuja.

Mw’itangazo ivyo bihugu vyasohoye vyavuze ko abihevyi bashobora gutera umwanya uwari wowose ibibanza birimwo inyubakwa za Reta, amashure, amasengero, amaduka manini, ahakorera amashirahamwe mpuzamakungu, ahari inyungu z’ibihugu vyo mu burengero, n’ibindi bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Ambasade y’Amerika I Abuja yavuze ko guhera uno munsi ku wa mbere igiye gukora imirimo ibayabaye kugera ironse ivyemezo vy’uko umuteno wuzuye.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ritangaza ko ryarondeye umushikirangaji ajejwe imigenderanire ya Nijeriya n’ayandi makungu, kugira ryumve ico agona kuri iki kibazo ariko rikamukena.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG