Sentare muri Uganda yaciriye, Pascal Achiba, gupfungwa zero inyuma y'uko uwo mugabo afatanywe ibiro bigera kuri 10 vy'amasenge y'inzovu. Ni co gihano gikomeye cane gihawe umuntu arenze ku mategeko akingira inyamaswa.
Uwo mugabo, Pascal Achiba, yaciriwe ico gihano ku musi wa kane na sentare ijejwe gukingira inyamaswa mu gihugu. Hari inyuma y’uko yagiwe n’icaha c’ukuba yafatanywe ibice vy’inyamaswa zikingiwe. Achiba yahagaritswe mu kwezi kwa mbere mu gice kiri ku nkengera z’umurwa maukuru wa Uganda, Kampala afise amasenge 2 y’inzovu y’ibiro 9.55.
Umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira inyamaswa muri Uganda, Sam Mwandha, yavuze ko igihano Pascal Achiba yaciriwe ari intambwe ikomeye cane mu rugamba rw’ukurwanya ubucuruzi buciye kubiri n’amategeko bw’inyamaswa.
Achiba yarapfunzwe mu kiringo c’amezi 18 imbere yaho inyuma y’uko afatanywe amasenge 4 y’inzovu. Yaciriwe muri iki gihe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose kubera akora ivyo vyaha kenshi.
Guhiga n’ukugurisha inyamaswa mu buryo butemewe n’amategeko ni ibintu bikorwa kenshi muri Uganda. Mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2020, umugabo muri Uganda yemeye icaha c’uko yishe Rafiki, inguge nini yo mu bwoko bw’ingagi yari ifise imyaka 25, yaciriwe igihano co gupfungwa imyaka 11.
Facebook Forum