Uko wahagera

Uwagirizwa Uruhara mu Gitero co ku Kinyamakuru Charlie Hebdo Yaciriwe Uwo Guherayo


Ali Riza Polat yagirizwa kuba yarafashije intagondwa z’aba jihadiste mu gitero bagavye ku kinyamakuru Charlie Hebdo no kuri imwe mw’isoko y’abayahudi mu Bufaransa mu kwa mbere ko mu 2015 yaciriwe umunyororo wo guherayo.

Ali Riza Polat w’imayaka 37 arahakana ivyaha vyose yagirizwa. Ni ivyaha bishimikiye ahanini kuba yarafashije cane intagondwa zakoze ico gitero i Paris mu ku ziha indarao, kuzifasha kuronka ibirwanisho zakoresheje, n’ibindi.

Uyundi yaciriwe urubanza muri iyo dosiye ni uwitwa Amar Ramdani. Uyu, yabanje gucirwa umunyororo w’imyaka 20 ariko amaze kugunguruza, ubutungane bwarawugabanije buwushira kuri 13.

Abarerwa muri ino dosiye ni abantu 14. Muri abo bose, aba babiri ni bo bonyene bari bunguruje banka aho sentare yashize.

Ibitero bagirizwa kugiramwo uruhara runini vyahitanye abantu 17: Abiciwe ahakorera ikinyamakuru Charlie Hebdo ni 12. ( Bishwe n’abahungu babiri bavukana bavuga ko babikoze ku bwa al-Qaida, bihora ico kinyamakuru cari cashushanije intumwa Mohamed. Izo ntagondwa zavuga ko ico gicapo catukisha intumwa Mohamed.

Inyuma y’umunsi umwe uwundi mu bari bafatikanije ububisha n’abo bahungu bavukana, yishe umu polisi w’imyaka 27 ari mw’isaka I Paris, aja kwica abandi bane abasanze mw’isoko yitwa Hyper Cacher y’Abayahudi.

Abakoze ubwo bwicanyi uko ari batatu, polisi yarabivuganye irabica.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG