Uko wahagera

Amatati y'Abadasangiye Ubwoko muri Sudani Yahitanye 150


Bamwe mu bana bava mu miryango ibeshejweho n'ukorora muri Sudani y'Epfo
Bamwe mu bana bava mu miryango ibeshejweho n'ukorora muri Sudani y'Epfo

Abahitanywe n’amatati ashingiye ku matongo hagati y’abadasangiye amoko n’imiryango muri Sudani y’epfo yongeye kwanduka kuwa gatatu n’ejo kuwa kane muri ico gihugu bageze ku 150.

Muri abo, harimwo abana, abagore n’abageze mu za bukuru. Abakomerekeye muri ayo matati ni 86. Benshi mu bakomeretse barimwo abafise ibikomere vyatewe n’amazu barimwo yaturiwe.

Igisata ca ONU muri Sudani catanze ivyo biharuro gihangayitse. Cahamagariye abategetsi ba Sudani y’epfo kuja mu mizi y’ayo matati amaze igihe bakayavana mu nzira.

Abashamiranye ahanini ni abava mu bwoko bw’aba Haoussa n’ubundi bwoko butaberekwa. Abo mu bwoko bw’aba Haoussa ahanini bagumuka biyamiriza itegeko ribabuza gutunga amatongo. Bemeza ko barenganywa n’ubundi bwoko, buvuga ko abakeba babo batabwirijwe gutunga ubutaka kuko baje kuba ahariko habera ayo matati baratevye.

ONU ivuga ko kuva mu kwa mbere kugera mu kwa cenda, abari bamaze kugwa mu matati nk’ayabaye kuwa gatatu n’ejo kuwa kane barenga 545. Abataye izabo muri ico kiringo barenga ibihumbi 211.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG