Ibice 70% vy’abanyagihugu ba Ukraine bipfuza ko intambara ya Ukraine n’Uburusiya ibandanya gushika igihugu cabo gitahukanye intsinzi.
Ivyo biharuro vyavuye mu gipimo c’ivyigwa cakozwe kigamije kumenya ico abanyagihugu ba Ukraine bagona ku ntambara igihugu cabo kimazemwo iminsi n’Uburusiya. Ico gipimo c’icirwa (Sondage) cakozwe mu kwezi kw’icenda.
Ico cigwa cerekana ko 91% vy’abanyagihugu ba Ukraine bipfuza ko intsinzi yabo yoca ikurikirwa n’ukwisubiza uburere Uburusiya bwambuye Ukraine, burimwo krimeya.
Ivyavuye muri ico cigwa, bije bivumera iryo prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yavuze yumvikanisha ko atiteze guca mu nzira y’ibiganiro kugira intambara n’ Uburusiya ihere, igihe cose Vladimir Putin azoba akiri prezida w’Uburusiya.
Ico cigwa ikindi kibazo cashimikiyeko cari ukumenya urugero abanyagihugu ba Ukraine babayeho bishimye. Abishuye bavuze ko babayeho nabi cane , ivyizere vy’ukuzokongera kubaho mu vyishimo bakabibona mu myaka itanu iri imbere.
Barabajijwe kandi gutanga amanota y’uburongozi bwa Amerika, Ubudagi, Ubushinwa n’Uburusiya: Abashimye uburongozi bw’Uburusiya ni 0,5% abashimye ubw’Ubushinwa ni 14 % (Baragabanutse kuko mu 2021 bari ku bice 36%), Ubudagi bushimagizwa n’abanyagihugu ba Ukraine ku bice 46%, mu gihe mu mwaka uheze bwari ku bice 48%, Amerika nayo abanyagihugu ba Ukraine bayihaye 66%, mu gihe mu mwaka uheze yari yaronse 37%.
Facebook Forum