Uko wahagera

Malawi Yatoye Ikinogo Rusangi Cahambwemwo Abimukira


Ikarata ya Malawi
Ikarata ya Malawi

Malawi yavumbuye ikinogo rusangi cahambwemwo abantu 25 bikekwa ko boba ari abanyagihugu ba Etiyopiya.

Polisi ya Malawi yatangaje ano makuru ivuga ko yaburiwe n’abanyagihugu baba mu karere kitwa Mzimba, kari mu buraruko bwa Malawi, ku birometero 250 uvuye ku murwa mukuru Lilongwe. Ababonye ico kinogo rusangi bari guhakura ubuki mw’ishamba.

Malawi ikeka y’uko bari abanyagihugu ba Etiyopiya bariko bagerageza kwimukira muri Afurika y’epfo biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko.

Umuvugizi wa polisi ya Malawi, Peter Kalaya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko ibizamini vya mbere vyerekanye y’uko abahambwe muri ico kinogo rusangi bafise imyaka iri hagati ya 25 na 40, kandi bose b’igitsina gabo.
Imibiri yabo yamaze kononekare yazuwe, itwarwa mu bitaro gukorerwa ibizamini vyo kumenya icabishe. Amatohoza ya mbere yerekanye ko ata kwezi kurarenga bahambwe muri ico kinogo.

Malawi irakunze gucamwo abanyagihugu bo muri Afurika yo mu buseruko baba bahiye kurondera ikiruta ikindi muri Afurika y’epfo.
Polisi ya Malawi ibiharuro itanga vyerekana ko hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwa cenda uno mwaka yataye muri yompi abimukira baca mu nzira zitemewe n’amategeko 221. Muri abo, 186 ni abo muri Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG