Uko wahagera

OMS Iriyamiriza Ibibera mu Ntara ya Tigreya muri Etiyopiya


Abagera mu bihumbi bataye izabo mu ntara ya Tigreya
Abagera mu bihumbi bataye izabo mu ntara ya Tigreya

Umuyobozi mukuru w'ishami ry'ishirahamwe ONU rijejwe amagara y'abantu y'ikwi, OMS, Tedros Adhanom Gebreyesus, yiyamirije uno musi ku wa gatatu ukuntu ibintu biteye agahinda mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Tedros Adhanom Ghebreyesus yagabishije ko ingingo zihutirwa zikeneye gufatwa kugira ihonyabwoko ntiribe muri Tigreya. Yatangaje ko amakungu atariko akwirikirana bihagije ibiriko bibera muri Tigreya. Yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku cicaro c’ishirahamwe OMS mu gisagara ca Geneve. Ghebreyesus yamenyesheje ko umwanya usigaye eri muto cane muri iki gihe kugira ihonyabwoko ntiribe mu ntara ya Tigreya.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, aturuka mu ntara ya Tigreya amaze yariyamirije incuro zitari nke ukugene ibintu vyifashe muri iyo ntara. Yamenyesheje ko vyamunaniye ko yihangana kw’itotezwa n’impaka rikorwa ku basivile muri Tigreya. Yongeyeho ko ibitaro bidatora bikorwa n’impaka ku basivile n’ibibanza vy’igisivile ari ivyaha vyo mu ntambara.

Umuyobozi wa OMS avuga ko abanyagihugu bo muri tigreya bimwe servisi za nkenerwa kzuva aingwanao itanguye kwaduka mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2020. Yatangaje ko ata handi hantu na hamwe ibintu bishobora kumera nkuko ku bantu imiliyoni 6 mu kiringo kigera hafi y’imyaka 2. Impungenge z’amakungu ziriko zitera ziyongera ku bafatiwe mu ngwano iriko ibera muri Tigreya, aho inteko za Reta ya Etiyopiya n’inteko zituruka mu gihugu kibanyi ca Eritreya zongereje ibitero vyazo. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko ibintu biriko birayanzara mu ntara ya Tigreya kandi biriko bigira ingaruka ziteye agahinda ku banyagihugu baho.

Abategetsi ba Reta ya Etiyopiya batangaje ku musi wa kabiri ko bafashe ibisagara 3 vyo mu ntara ya Tigreya aho ingwano hagati y’inteko za reta n’abarwanya ubutegetsi iriko ibera kuva mu kwezi kw’umunani inyuma y’uko agahengwe gasambutse

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG