Sentare yungururizwamwo imanza mu Burusiya yanse gufuta igihano c’umunyororo w’imyaka icenda caciriwe umunyepolitike, Alexey Navalny, atavuga rumwe na Reta.
Alexy Navalny n’abamuburanira bari bituye iyo sentare basigura ko ivyaha tagirizwa vyose arfi irementanya akorerwa. Uwo munyororo yawuciriwe mu kwa gatatu yagirizwa ivyaha vy’ibiturire, gusesagura amatungo no gusuzugura ubutungane.
Acirirwa uwo umunyororo w’imyaka icenda, yari asanzwe ari mu gasho, afungiwe umunyororo w’imyaka ibiri n’igice ku bindi vyaha yagirizwa.
Yavuze ko yaba igihano asanzwe arimwo c’imyaka ibiri n’igice, yaba gishasha yasabiwe vyose ari ibihano bimurenganya.
Navalny yatawe muri yompi mu kwezi kwa mbere ko mu mwaka uheze akimara kuva mu Budagi kwivuza ishano yari yarariye. Yemeza ko ubwo burozi yabuhawe n’ubutegetsi bw’Uburusiya. Ubutegetsi bw’Uburusiya bwamirira kure ivyo vyagiriji.
Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ayandi makungu basaba Uburusiya kurekura Alexy Navalny w’imyaka 46. Izo mpande zisanga atakindi azira Atari gutora utunenge ubutegetsi bw’Uburusiya.
Ubutungane bw'Uburusiya Bwanse Kwumva ivyo Navalny Asaba

Facebook Forum