Uko wahagera

Sosiyete y’Ubufaransa Lafarge Yemeye ko Yafashije Imigwi y'Intagondwa muri Siriya


Ahakorera Sosiyete Lafarge
Ahakorera Sosiyete Lafarge

Sosiyete y’Ubufaransa yitwa, Lafarge, ikora amasima yemeye kuriha Reta zunze ubumwe z’Amerika ihadabu y’amamiriyoni 778 y’amadorari y’Amerika.

Iyo sositeye yemeye idahigimanga ivyaha vyose yagirizwa bishimikiye mu kuba yarafashe mu mugongo ikongera igakorana n’imirwi y’iterabwoba muri Siriya, irimwo intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu. Ivyaha vyegekwa kuri urwo ruganda vyakozwe hagati y’umwaka w’2013 na 2014.

Lafarge yavyemereye mu rubanza rwaraye rubereye mri sentare yo ku rwego rw’igihugu iri I Brooklyn, mu mu gisagara ca New York, mu burasirazuba bwa Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Ni ubwa mbere isosiyete yemereye mu bucamanza bw’Amerika ivyaha vyo gufata mu mugongo imitwe y’iterabwoba. Lafarge hambavu y’ihadabu yarihishijwe, yastwe burundu umutahe ifise muri Leta zunze ubumwe z’Amerika ungana miliyoni 687 mu madorali y’Amerika.

Dosiye ya Sosiyete Lafarge mu vyo gufasha imirwi y’iterabwoba ntihereye aha kuko urwo ruganda ruracafise urubanza rundi mu Bufaransa, bukiyagiriza “ Uruhara rukomeye mu vyaha ndengerabutungane.”

Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Amerika bwavuze ko “Sosiyete Lafarge yakoze amahano atagira izina mu guha amafaranga intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu kugira vyanke bikunde yidandarize isima yayo, ititaye ku bwicanyi bw’agahomeramunwa bukorwa n’uwo murwi w’iterabwoba.”

Sosiyete Lafarge yasohoye itangazo yigaya yongera yicuza ku vyo yakoze igira iti: “ Turemera ko ivyakozwe na sosiyete yacu ari ibara. Turanavyicuza.” Lafarge ibandanya isigura ko Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Amerika bwasanze iyo sosiyetye yarashizeho ingingo zo kwirinda gusubira kurwa mu makosa nk’aya, gutyo ikumvikanisha ko bidakenewe ko hari aboza kurimbura uko ikora bavuye hanze.

Lafarge ku ruhande rwo mu Bufaransa ivuga ko ibandanya gukorana n’abategetsi b’ico gihugu mu ntumbero yo gukora amatohoza yimbitse kuri ino dosiye nyene, ariko ko naho biri uko, yiteguriye kwitwara igihe cose hobamwo ukurenza urugero mu vyo yagirizwa.

Ubufaransa bwemeza ko hagati yo mu 2013 n’2014, ibicishije mw’ishami ryayo ryo muri Siriya, iyo sosiyete yatanze ama miriyoni menshi y’amafarnga y’abanyaburaya, (Euros), ku mirwi myisnhi ikora iterabwoba irimwo uwiyitirira idini rya Isilamu, n’abafasha kugira Lafarge ivugane n’iyo mirwi vyoroshe. Ayo mafaranga yose yari ayo kugira uruganda rw’iyo sosiyete ruri ahitwa, Jalabiya, muri Siriya rukore ata wurukomanga.

Ubufaransa bwemeza ko Lafarge yahaye umurwi wiyitirira idini rya Isilamu, imiriyoni ziri hagati ya 5 na 10 mu mafaranga y’ama Euro. Ubufaransa burakeka ko iyo sositeye yoba yaranadandaje n’isima yayo kuri uwo murwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG