Igisirikare ca Benin cavuze ko caburijemwo igitero c’iterabwoba mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Kivuga ko cishe abantu umunani bitwaje inkoho bakekwa kuba baturutse mu bihugu bibanyi Burkina Faso na Nijeri.
Umuvugizi w’igisirikare, Ebenezer Honfoga, yavuze ko mu masaha ya kare yo ku musi wa gatatu, abakora iterabwoba bagerageje kwinjira mu gisagara ca Materi aho bari batumbereye kugaba igitero.
Yavuze ko baguye mu bajejwe umutekano batabizi baca biturikirizako igisasu bagira batege. Baciye bagerageza gutera ikirindiro c’abasirikare ba Benin cari muri ako karere ariko baca bararwanywa.
Uwo mutegetsi yavuze ko abakora iterabwoba umunani bishwe kandi n’ibikoresho bikomeye birafatwa.
Reta ya Benin yaremeye mu kwezi kwa gatanu ko uburaruko bw’igihugu bwagabwemwo ibitero mirongo ibiri n’imihari yitwaje ibirwanisho. Ariko ntiyakoresheje ijambo “ abajihadiste”.
Facebook Forum