Uko wahagera

Mali: Igisasu Catezwe mw'Ibarabara Cahitanye Icenda mu Ntara ya Mopti


Mopti Region, Mali

Muri Mali, igisasu catezwe mw’ibarabara cishe abantu icenda bari mu modokari hagati mu gihugu kuri uyu wa kane. Igiporisi cavuze ko ico gisasu catezwe n’abajihadiste.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano avuga ko iyo bisi yaturikijwe n’ico gisasu igeze kw’ibarabara riri hagati y’ibisagara vya Bandiagara na Goundaka, mu gace ka Mopti inyuma gato ya sasita.

Moussa Housseyni wo mw’ishirahamwe ry’urwaruka muri ico gisagara ca Bandiagara yavuze ko batwaye ibigiza icenda ku bitaro, kandi ko hoba hari n’abandi bapfuye.

Umuporisi wa Mali atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yatanze igitigiri c’abashika cumi bapfuye n’abandi benshi bakomeretse.

Mali iri mu rugamba n’abajihadiste bamaze kwica ibihumbi vy’abanyagihugu n’abandi ibihumbi amajana bataye ingo zabo.

Ibisasu bitezwe mu kuzimu biri mu birwanisho abajihadiste bahisemwo gukoresha. Bishobora guturitswa n’ikibiciyeko canke bigaturitswa n’uwuri kure.

Raporo yasohowe n’umurwi wa ONU muri Mali, MINUSMA yasanze gushika kw’itariki ya 31 z’ukwezi kwa munani, ibisasu bihambwa mu kuzimu bimaze kwica abantu 72. Benshi muri bo ni abasirikare, ariko ica kane ni abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG