Uko wahagera

Sudani: Abarwanya Ubutegetsi Batanze Abanyororo bo mu Ngwano


Abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Sudani bashikirije abategetsi b'i Khartoum uno musi ku wa kane abanyororo bo mu ngwano icenda, mu bizoha inguvu kurushiriza ibiganiro biriko biraba. Ni inyuma y'uko Sudani yo mu bumanuko ihuje izo mpande zompi.

Umurwi urwanya ubutegetsi ukorera mu ntara ya Nuba Mountains muri Sudani, “Sudan People’s Liberation Movement North”, SPLM-N, mu mpfunyapfunyo washikirije abategetsi ba Sudani abo banyororo 9 uno musi ku wa kane mu bishobora guha amahirwe kurushiriza impande zompi ku bijanye n’ugushika ku masezerano ya nyuma ntabanduka y’amahoro.

Abo bantu 9 bashikirijwe ambasaderi wa Sudani muri Sudani yo mu bumanuko, Jamal Malik, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba. Bafashwe mu kwezi guheze inyuma y’ugutana mu mitwe gukomeye kwabareye mu ntara ya South Kordofan muri Sudani.

Umunyamabanga mukuru w’umurwi SPLM-N, Amar Amon, yatangaje ko barekuwe bifatiye ku mpamvu z’amagara yabo kugira basubirane n’imiryango yabo. Yatangaje ko ata kibazo bafitaniye nabo ku giti cabo, ko bafitaniye ibibazo na reta ya Sudani.

Ambasaderi wa Sudani muri Sudani yo mu bumanuko, Jamal Malik yabwiye abamenyeshamakuru ko abategetsi b’igihugu ciwe bakira neza ingingo y’ugushikiriza abo banyororo bo mu ngwano. Naho yavuze ko batari abanywanyi b’inteko za reta ya Sudani.

Ibiganiro hagati y’abarwanya ubutegetsi bo mu murwi, SPLM-N n’abategetsi ba Sudani, bihagarikiwe na Sudani yo mu bumanuko, ntibirashika gushika ubu ku masezerano y’amahoro ya nyuma, naho hari intambwe zashitsweko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG