Uko wahagera

Abana bo muri Somaliya Bugarijwe n'Ugufungura Nabi


Bamwe mu bana bugarijwe na Kigoyi muri Somaliya
Bamwe mu bana bugarijwe na Kigoyi muri Somaliya

Itohoza ryakozwe n'amashirahamwe y'abagiraneza ryerekana ko gufungura nabi ari ikibazo kiriko kiribonekeza cane bikomeye mu bana bakuwe mu vyabo n'inkurikizi z'uruzuba n'intambara mu gice kiri muri Somaliya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije mu ntango z’ukwezi kw’icenda ko ibice 2 vyo muri Somaliya bizogeramirwa n’inzara hagati y’uku kwezi kw’icumi n’ukwezi kw’icumi na kabiri. Rimenyesha ko abana barenga igice c’umuliyoni muri Somaliya bashobora gupfa bivuye ku gufungura nabi.

Ibipimo vyakozwe n’amashami y’ishirahamwe ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe ajejwe gutabara hagati y’italiki 19 n’italiki 24 y’ukwezi kw’icenda kw’uyu mwaka mu makambi y’abavuye mu zabo mu karere ka Baidoa vyasanze ibintu biriko birayanzara kurushiriza.

Ku bana barenga 98,000 bapimwe bari hagati y’imyaka 6 n’amezi 59, vyibonekeje ko ibice 59 kw’ijana basinzikajwe n’ugufungura nabi, harimwo ibice 24 kw’ijana basinzikaye bikomeye cane.

Ibipimo vyakozwe mu kwezi kwa gatandatu n’ukwezi kw’indwi muri uyu mwaka vyasanze 28.6 kw’ijana vy’abana bari mu makambi y’abavuye mu vyabo bageramiwe bikomeye n’ugufungura nabi, harimwo 10.2 kw’ijana basinzikaye bikomeye cane.

Petroc Wilton, ajejwe gutangaza amakuru ku vyerekeye Somaliya, mw’ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe ibifungurwa kw’isi, PAM, yatangaje ko urugero ruri hejuru cane rw’ugunfungura nabi ku bana bari mu makambi y’abavuye mu zabo mu bipino vyakozwe biteye agahinda kandi vyerekana ko ibintu bitera biyanzara ningoga kurushiriza muri Somaliya.

Inkurikizi z’uruzuba zitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka 40 mu karere ko mw’ihembe rya Afrika zarunyuwe n’ibitero vy’abarwanyi b’umurwi al-Shabab hamwe n’ibiciro vy’ibifungurwa kw’isi biri hejuru cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG