Uko wahagera

Imyaka 61 Iraheze Rwagasore Agandaguwe


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kwibuka umuganwa Louis Rwagasore
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kwibuka umuganwa Louis Rwagasore

Imyaka 61 n’umwe yarumanye kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 ukwezi kwa cumi umwaka 2022, umuganwa Rudoviko Rwagasore yarondereye Uburundi intahe yo kwikukira, agandaguwe. Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA basaba igihugu c’Ububirigi kwemanga ko cagize uruhara mw’igandagurwa ryiwe.

Kwibuka iyo ncungu y’Uburundi yarasanzwe ari umushikirangoma w’umwami Mwambutsa, vyatanguriwe n’inkuka y’imisa yasomwe muri Cathédrale Régina Mundi na musenyeri wa Diyosezi nkuru ya Bujumbura, Gervais Banshimiyubusa. Mu nyigisho ziwe yashimikiye ku rukundo. Yamenyesheje ko abakundana badashobora kugandagurana, asaba Abarundi kuvavanura n’ingeso yo kwica, abatware nabo kwisuzuma bakaraba ko bitaho abo bajejwe.

Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA Rwagasore yakomokamwo, baratera ivyatsi abagifise agatima k’ubwicanyi. Basaba Ububirigi kwemanga ku mugaragaro uruhara bagize mw’igandagurwa rya Rwagasore. Umukuru w’uwo mugambwe Nkurunziza Olivier agasabira abakoze ayo mahano gukubwitwa intahe mu gahanga.

N’impunzi ziba mu gisagara ca Kigali zibutse uwo yiguze Uburundi. Muganga Alphonse Rugambarara amenyesha ko kubona Abarundi bahunga bagata izabo vyavuye ku batware badafatira akarorero kuri Rwagasore yemeye gupfa kugira Abarundi bishire bizane ataravye intara canke amako.

Na Mabobori Catherine, yahungiye mu gihugu c’Ububirigi amenyesha ko impunzi zitegerezwa gufatira kw’iragi rya Rwagasore kugira naho batari iwabo bagumane umutima wo gukunda igihugu.

Musenyeri Gervais Banshimiyubusa yasozereye igisabisho ciwe asaba Imana ko yoronsa Uburundi abategetsi bafise umutima nk’uwa Rwagasore, indongozi zidatinya, zikunda igihugu, zizira amacakubiri kandi zikorera bose kugira indyane zizobe umuziro mu Burundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG